Scroll to Top

Super Cup Basketball: Dynamo BBC niwo waraye utahukakanye igikombe

By Radjabu Bosingwa / Published on Monday, 21 Jan 2019 01:13 AM / /

Umugwi wa Basketball Dynamo BBC niwo waraye utahukanye igikombe ca Super Cup utsinze Urunani.

Hari kuri uyu wa Mungu uheze igenekerezo rya 20 Nzero umwaka wa 2019 , aho ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu gisagaca ca Bujumbura ACBAB, ryari ryateguye inkino zo gusozera ihiganwa rya Basketball ryo mu mwaka wa 2017- 2018 bita Super Cup .

Hakaba haraye hakinywe inkino zibiri , imigwi y’abawigeze Amigo hamwe na Shining, mugihe Ku rundi ruhande Dynamo BBC nawo waciye uhura n’runani BBC.

Urukino rwa mbere rwahuje Amigo hamwe na Shining rukaba rwari rwatanguye isaha zitatu zo mu gitondo 9h00, Ku kibuga ca Département du sport rwararangiye Shining ariwo utahukanye igikombe ca Super Cup ubanje gutsinda Amigo amanota 52 kuri 40.

Mugihe urukino rugira kabiri rwahuje Dynamo BBC hamwe na Urunani BBC rwatanguye isaha zitanu 11h00 rwararangiye Dynamo BBC wirahiye Urunani BBC Ku manota 66 kuri 56.

Mukamenya ko Dynamo BBC ariwo Mugwi wari watahukanye ihiganwa ry’umwaka uheze , mugihe Urunani BBC nawo wari watahukanye ica Play Offs.

7,066 total views, 104 views today

Comments

comments

Add Comment