Scroll to Top

Indundi Sports|uwu niwe Mugwi Jose Morinho yemera gusumba iyindi mu migwi yamenyereje

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 18 Jan 2019 05:07 AM / /

Umunya Portugal yamenyereje imigwi ikoma komeye Iburayi Jose Morinho yavuze ko umugwi ukomeye gusumba iyindi mu migwi yamenyereje ari Inter de Milan yo mu gihugu c’ubutaliano.

Ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro ciwe cambere yari yahawe na Be IN sport kuvaho yirukanywe muri Manchester United.

Kuri Morinho naho yamenyereje imigwi ikoma komeye ntahantu yabayeho neza nko mu mugwi Inter de Milan kuko yatwaye ibikombe vyose bikomakomeye ari kumwe nuwo mugwi .

Morinho akaba amaze imyaka 17 amenyereza imigwi itandukanye y’iburayi harimwo iyo muri Portugal, Espagne,ubwongereza ndetse n’ubutariano.

Mukamenya ko Jose Morinho ata mugwi afise muri kino gihe kuvaho yirukaniwe na Manchester United bikanugwa nugwa ko ashobora kumenyereza Umugwi Real Madrid wo mu Gihugu ca Espagne .

287 total views, 1 views today

Comments

comments

Add Comment