Scroll to Top

Inyuma y’iyakwije 100,000 kuri Youtube, Double Jay azanye iyindi

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 16 Jan 2019 17:01 PM / /

Inyuma y’iyakwije y’iyiheruka gukwiza Views zirenga 100,000 mu mezi makeya imaze isohotse, Double jay avuga ko mu misi ya Vuba buca ashira ahabona akandi karirimbo gashasha.

Ako karirimbo akaba avuga ko kazoba kitwa Numva Nshaka, ako karirimbo ngo kazoshirwa ahabona kuri uyu wa 20 nzero. Hakazoba ari isaha zibiri z’ijoro ku rubuga rwa Youtube asanzwe akoresha.

Ntiyabashije kumenyesha ko azoba ari amasanamu n’amajwi, canke azoba ari amajwi gusa, ubona ko na Cover yayo ata kabanga yibira abayibona.

Abatari bake bakaba bakiteze, nkuko vyabonetse kuri bamwe babashije gushikiriza ivyiyumviro vyabo kuri urwo rubuga rwa Facebook.

Mwokwibuka ko uwo musore hampande ya Uri special, yaheruka kwumvikana mu karirimbo yakoranye na Elly’s Boy bise Mobile Number.

126 total views, 1 views today

Comments

comments

Add Comment