Scroll to Top

#Intamba U20 zigiye kwakira Uganda U 17

By Radjabu Bosingwa / Published on Tuesday, 15 Jan 2019 03:50 AM / /

Mugihe hatekanijwe urukino gwa kivandimwe kuri uyu wa Kabiri igenekerezo rya 15 Nzero umwaka wa 2019 Ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore isaha icenda 15h 00 ruza guhuza Intamba mu rugamba ku batarenza imyaka 20 ndetse n’umugwi nserukira Gihugu w’ubuganda wa batarenza imyaka 20,hakaba ari mu ntumbero yo kwitegurira inkino za CAN U 20 zitezwe kubera mu Gihugu ca Niger kuva kw’igenekerezo rya 02 Ruhuhuma gushika igenekerezo rya 17 Ruhuhuma .

Ishirahamwe ritwara Umupira w’amaguru mu Burundi FFB rikaba rimaze gishira ahabona ibiciro vyo kw’injira kuri urwo rukino . – Ku mpande z’ikibuga :1000fb – Mu bwugamo A na D : 5000 Fb – Mu bwugamo B na C : 10.000 Fb – Mu bwugamo bw’iteka 20.000fb

110 total views, 1 views today

Comments

comments

Add Comment